Heures de Travail: 8.00AM - 5.00PM

Nos Activités

BCAB yiyunze na Brarudi mu mugambi wo kuronsa amazi meza

 Ibanki #BCAB yiyunze na Brarudi mu mugambi wo kuronsa amazi meza bamwe mu benegihugu bo muri komine Gitega muri uyu mwaka wa 2026...

Amasezerano yo gukorana hagati y'ibi bigo bibiri kuri uwo mugambi, yateweko umukono kuri uyu wa 09 Nyakanga 2026, ku cicaro gikuru c'ibanki BCAB.

Aya masezerano ashimikiye ahanini ku kwegeraniriza uburyo hamwe ndetse n'ubuhinga, mu ntumbero yo gutorera umuti urama ikibazo c'amazi meza abanegihugu bo muri ako karere bakunze kugira.

 "Uyu mugambi, ushimangira neza ivyiyumviro dusanzwe twemera ko amashirahamwe yigenga afise uruhara rudasanzwe mw'iterambere rusangi, hambavu y'ibikorwa bishimikira k'ubutunzi dusanzwe dukora", niko Jennifer Nkurunziza, Umuyobozi ajejwe imigenderanire muri Brarudi yavuze imbere y'uko atera umukono kuri ayo masezerano.

 Ku ruhande rwiwe, Pierre Sinamenye, Umuyobozi ajejwe ubudandaji mw'ibanki BCAB yavuze ko bigoye cane ko ikibano gitera imbere mu gihe kitarangwamwo amazi meza.

 Ati : "Kwegereza amazi meza rero abayakeneye, ni rimwe mu mahangiro dusanzwe dufise aha muri BCAB."

Uyu muyobozi yibukije kandi ko, ukuronka amazi meza bizana imibereho myiza mu kibano mu kubungabunga amagara meza y'abenegihugu, ibituma barangura neza imirimo yabo ya misi yose iterera mw'iterambere ry'ubutunzi muri rusangi.

 Lyria Ariella Dushime, ajejwe iterambere rirama muri Brarudi (Sustainability Manager) we yerekanye ico uwo mugambi uzoshikako :

N'imiburiburi abantu 4000 nibo bazoshikirwa n'ayo mazi meza, mu mabombo 10 azoshingwa. Bitegekanijwe ko buri musi hazoboneka amaritiro 25 000 y'amazi meza 

Uyu mugambi nyene, ntuzogarukira kuvyo gutanga amazi gusa :

N'imiburiburi abantu 100 barimwo abakenyezi 30, bazokwigishwa ubuhinga bwo kubungabunga ayo mazi ndetse bigishwe n'ingene bokwiyungunganya mu bijanye n'ubutunzi biciye muri ukwo kuronka amazi.

Yasozereye ati : "Uyu musi si ugutera umukono ku masezerano. Dutanguje ahubwo igikorwa kizogirira umumaro uboneka kandi utari uw'igihe gito, mu benegihugu b'i Gitega."

Ku bwawe, iyo amazi yegerejwe ikibano, ni uyuhe musaruro wa mbere abenegihugu batangura kuyavyaza ?

Image
Fournir des solutions financières et innovatrices en vue de promouvoir des nations prospères et solidaires.
Contact